Agafashanyo gahabwa abanyeshure bo muri kaminuza karateye amahane

Abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi hamwe no mu zindi kaminuza z’abigenga barandikiye umushikiranganji wabo bamwereka utunenge turi mw’ itegeko rishasha rizogenga ako agafashanyo. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi

UB

Irembo rya kaminuza y’Uburundi ©Iwacu

Muri urwo rwandiko, abo banyeshure bamenyesha ko ingingo ziri muri iryo tegeko ziteye kubiri n’amategeko agenga kaminuza asanzwe ahari. Ku bwabo, nta yindi ntumbero ihari atari iyo gushaka kwirukana umurwi w’abanyeshure batagira uburyo, hamwe n’ugushaka gusubiza inyuma inyigisho mu Burundi. Umwe mu banyeshure baserukira abandi ati: « Turasavye reta yikubite agashi ihindure iryo tegeko amazi atararenga inkombe.»
Abo banyeshure basaba umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi gusubiramwo iyo ngingo, bigume nk’uko vyahora bigenda mu mashure ya kaminuza yaba aya reta canke ayigenga.

Amakenga bafise ni ayahe ?

Ingingo zafashwe ntizigeze zihumuriza abarerwa. Umwe muri bo ati: « Naho batari bwagakure kahora ari intica ntikize. Ubu hoho tugiye kuburiramwo». Nk’uko bitegekanijwe, ku banyeshure 18026 barangije amashure yisumbuye muri uno mwaka w’ishure 2013 ushira 2014, abagera ku 4495 batoye ikibazo ca reta bafise amanota angana canke asumba 69,2 ni bo bazoronka ka gafashanyo kahora gatangwa na reta. Abandi 2032 batoye ikibazo ca reta baronse amanota ari hagati ya 69,1 kw’ijana hamwe na 66,5 kw’ijana, bazoba bafise uburenganzira bwo kwiga muri kaminuza za reta yaba muri kaminuza y’Uburundi canke mw’ishure nderabigisha ENS, ariko ata gafashanyo na kamwe baronswa.
Abandi 2049 batoye ico kibazo ca reta muri uno mwaka w’ishure wa 2012 ushira 2013 baronse amanota ari hagati ya 66,4 na 64,2 kw’ijana bazoba bafise uburenganzira bwo kwiga mu makaminuza y’abigenga, bakazoronswa agafashanyo k’amafaranga 200. 000 vy’amarundi yo kubafasha kwiyandikisha gusa, vyumvikana ko amwe bahora baronka ku kwezi ku kwezi batazosubira kuyahabwa nk’uko vyahora.
Ikindi kibateye ubwoba ni uko abimutse bafise ivyirwa batatoye mu mwaka bahoramwo. Amakenga y’abo banyeshure atera yongerekana inyuma y’aho umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi amenyesheje ko uko agafashanyo gahora gatangwa ku baganga bariko bagira igice ca gatatu c’amashure yabo kahagaritswe.
Abo banyeshure bobo baragerageje kwerekana ko badatahura aho ingorane yoba iri kugira ntibabe bakironswa agafashanyo kandi imyaka 20 iheze reta yama irungika abanyeshure kunonosora ubwenge hanze ata ngorane. Akababaro rero kakaba ari kenshi cane kuko abenshi muri bo bataye akazi aho bari basanzwe bakora. Ku bw’abo banyeshure babona ko iyo ngingo ije gusubiza inyuma iterambere ry’igihugu, na cane cane ko abaganga banonosoye ubuvuzi bakiri bake cane mu Burundi. Baba abo baganga canke abo bakiri mu gice ca mbere c’amashure ya kaminuza, ntibatahura ukuntu reta yihutiye gukura akarenge mu gisata c’indero ku rwego rwa kaminuza.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *