Agaciro ka kuki kuka inka

Mu rubanza rwo gukwa umugeni , ntihigera hahara inzoga bita iy’akuki, iyo nzoga ihabwa abakwe mu cubahiro cinshi cane ndetse bakayihabwa n’abakenyezi bubatse – Vyanditswe na Gatavu Daniyera

Padiri Kagabo Ribori: “Ni  inzoga iryoshe y’icubahiro.” ©Iwacu

Padiri Kagabo Ribori: “Ni inzoga iryoshe y’icubahiro.” ©Iwacu

Inzoga y’ akuki ni inzoga itanyobwa n’uwo ari we wese. Yanyobwa n’abubahwa mu rubanza rwo gukwa . Mu mico y’ikirundi , umukwe ni we yagahabwa imbere y’abandi . Muri ico kiringo, inka yatanzweko inkwano yaba iri iruhande, bavuga ko ako kamoto kava muri ka kuki ari na ko inka yamotera. Ni ho havuye izina akuki kuka inka.
Padiri Kagabo Ribori, atwiganira ko iyo nzoga yari ifise agaciro kanini kuva aho hambere.”Iyo nzoga barayiha agaciro kanini cane, iyo umuntu yayiganye yayitumirira umuntu afise ku mutima kandi yubashwe ntiyapfa kuyisomya umuntu ariwe wese. Ni na yo nyobwa umwami yanywa.” Agira ati aho hambere umugirwa wo gukwa wari ugizwe n’intambwe nyinshi ukamara imisi myinshi. Ati inyuma y’ibiganiro vyinshi vyaba hagati y’uwurondera umugeni n’uwumutanga haragera igihe bamenyesha abandi ko iyo miryango igiye kunywana. Iyo miryango rero yaca ihana isango ryo gutereka hama ikagenda ikitegura. Muri iyo myiteguro umuryango usabwa umugeni ntiwibagira kwibangikanya ubwoko bw’inyobwa bita “Akuki kuka inka.” Mu mico y’abarundi abakwe ni abantu bubashwe gose, uwubakira yaritegura neza cane yanka ko abakwe bamucishamwo ijisho . Kagabo avuga ko ku musi wo guterekerwa akuki kuka inka, kaba kateguriwe abakwe akaba ari na bo bagasoma ubwa mbere, abandi bagakurikira. Ako kuki rero kari ako kwerekana ko abo basavye umugeni ari abantu bubashwe, bakenewe kwakirwa neza ,kerekana kandi ko abantu bagiriraniye amasezerano adasanzwe. Amenyesha ko abasubiriza ako kuki kuka inka imitobe y’ivyamwa ari uguta umugenzo. ku bwiwe ngo akuki ni ikimenyetso c’icubahiro, ikimenyetso rero ntigitegerezwa kuba kinini. Ati n’abasanzwe badasoma bozana ikimenyetso c’ubuki ha gusubiriza akuki n’amabungo canke ikindi camwa. Ngo uwushaka kuguma ku mugenzo yo wukurikiza uko uri ntazane mwo bishasha bitagira insiguro.

Ni ikimenyetso c’urupfasoni

Dukunze kubona abazimana abashitsi mu manza baba ari abana b’abigeme bakiri bato. No mu rubannza rwo gukwa ni uko bigenda, ariko akuki kuka inka kazimanwa n’abakenyezi. Padiri Kagabo avuga ko igituma iyo nzoga itangwa n’abakenyezi ari uko ari inzoga yubashwe kandi y’iteka. Avuga ati:” Abakenyezi ni abantu bakuze batakigenda barataragurika. Ico kintu cagaciro rero gitegerezwa gutangwa mu rupfasoni no mu cubahiro . Abakenyezi bakuze ni bo bazi gutwara ibintu mu rupfasoni.” Ni yo mpamvu iyo nzoga itangwa n’abakenyezi idatangwa n’urwaruka rukiri ruto.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *