ADC Ikibiri yoba irira busema ?

ADC Ikibiri yararungikiye urwete umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, aho berekanye amakenga bafise kw’ihungabana ry’umutekano bivuye ku bibazo vya poritike biri mu gihugu. Reta y’Uburundi yoyo yarahakanye ibirego vyose. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi

Nzobonariba Firipo umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa reta y’Uburundi ©Iwacu

Nzobonariba Firipo umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa reta y’Uburundi ©Iwacu

Umunyamabanga akongera akaba n’umuvugizi wa reta y’Uburundi Nzobonariba Firipo, mw’itangazo reta y’Uburundi yasohoye ku musi wa mbere ku vyashikirijwe n’urunani ADC Ikibiri. Yavuze ko ari ikinyoma cambaye ubusa. Urunani ADC Ikibiri rwari rwatangaje yuko poritike y’igihugu ishobora gutituka bivuye kw’ikurwa ry’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, ku mvo zitumvikana. Muri reta y’Uburundi bobo bamenyesha ko ritabaye irya mbere basubirije canke bakomboye icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, bisabwe n’umugambwe akomokamwo, canke bivuye ku zindi mvo, kandi bikijana uko nyene.

Reta y’Uburundi iranegura ingendo ya ADC Ikibiri

Muri iryo tangazo reta y’Uburundi yasohoye, baranegura imvugo ikunda gukoreshwa ko ubutegetsi bwiziziwe n’akarwi k’ibihangange kica kakongera kagakiza. Nzobonariba Firipo yamenyesheje ko iyo mvugo ifatwa nk’igitutsi ata kindi igamije atari ukwifatira mu gahanga reta y’Uburundi, hamwe n’abayigize.

Ku bijanye n’ibiganiro n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, reta y’Uburundi imenyesha ko yashizeho urwego rwamaho abanyeporitike bahuriramwo kugira baganire ku bibazo baba bafise, reta y’Uburundi ikamenyesha ko urwo rwego rwugururiwe bose, kandi rukora neza rudakumira. Nzobonariba Firipo ati: « Ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro si agaseseshwarumuri mu Burundi, iyo na yo ikaba ari intambwe idakunze kuboneka mu bindi bihugu.»
Urwandiko urunani ADC Ikibiri rwarungikiye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu, ruravuga urwaruka rw’Imbonerakure rukomoka mu mugambwe Cndd-Fdd ruhungabanya umutekano, kandi bikaboneka ko rushigikiwe n’ubutegetsi.

Imbonerakure ngo ntizifadikanije na reta

Ngendakumana Rehonsi yaramenyesheje yuko Imbonerakure zishaka kwitwara nk’urwaruka rwitwa Interahamwe rwari rwarigize akananirabahinga mu Rwanda, mu myaka y’1993 imbere yuko haba ihonyabwoko.
Reta y’Uburundi yamirira kure ivyo vyashikirijwe, yamenyesheje ko umugambwe Cndd-Fdd ufise urwaruka nk’iyindi migambwe yose, kandi uwo mugambwe utarigera utuma urwo rwaruka rwawo mu bikorwa vyo guhohotera abo batavuga rumwe. Iyo mvugo ntitandukanye n’iya Karera Deni, asanzwe arongoye uwo muhari, aho na we nyene adasiba kuvuga yuko ari abiyadukiza. Nzobonariba yagize ati: « Umwe wese azobazwe ku gatwe kiwe. Abanyeporitike nibavavanure n’ugufatira mu kivunga.»
Reta y’Uburundi yarangije ihumuriza abarundi n’amakungu ko ata bara ririko riragwa mu Burundi nk’uko vyavuzwe n’urunani ADC Ikibiri. Yamenyesheje yuko ibivugwa vy’ihungabana ry’umutekano vyofatwa ahubwo nk’ivyipfuzo vya Ngendakumana Rehonsi, umukuru w’urunani ADC Ikibiri, asanzwe ari na we yarungikiye urwo rwandiko umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Naho reta ihakana ko yoba ikingira ikibaba imbonerakure, ibibandanya gushika mu mihingo itandukanye y’Uburundi biratera amakenga. Bamwe n’abandi baribaza igituma namba reta idashigikiye urwo rwaruka itoruhasha. Haraheze iyinga i Ngozi muri komine Marangara imbonerakure zihatswe gutana mu mitwe n’abanywanyi ba MSD. Hari n’uwitwa Miburo Nepomuseni, wo ku mutumba Ruzo wo muri zone Ruzo na komine Giteranyi mu ntara ya Muyinga, aharuka kugandagurwa n’imbonerakure.


Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *