Abavuga ijambo ry’urubanza boramutsa kumwe

Haraheze iminsi, umukuru w’igihugu asavye ko abaramutsa imbere yo gushikiriza ijambo boza barakoresha indamutso ikurikira: «Tugire amahoro ubumwe , ibikorwa n’ubutungane.» Kazoviyo Jereturuda, umwigisha wa Kaminuza asanzwe ari umuhinga mu kwihweza amajambo, abituyagirako – Vyanditswe na Gatavu Daniyera

Kazoviyo Jereturuda : “Indamutso ivana naho uba uri  n’icabakoranije.” ©Iwacu

Kazoviyo Jereturuda : “Indamutso ivana naho uba uri n’icabakoranije.” ©Iwacu

Umupfasoni Kazoviyo amenyesha ko indamutso y’ijambo ivana n’igihe umuntu aba arimwo kandi ngo ziri kwinshi. Ati : « Iyo uhuye n’umuntu ntumuramutsa nk’iyo uba uramutsa abari mw’ikoraniro canke abari mu rubanza. Ariko ico indamutso zihuriyeko ni uko ari icipfuzo ciza uwuramukanya yipfuriza umuntu umwe canke benshi mu gihe hari urubanza canke mu nama. » Ngo umukuru w’igihugu Nkunziza yatanze intumbero yo kuramutsa ngo «Tugire amahoro, ubumwe, ibikorwa n’ubutungane». Avuga ko ivyo vyamyeho ko usanga ku ntwaro zagiye zikurikirana abantu bagiye bararamutsa ugutandukanye.

Ku ntwaro ya Micombero baramutsa ngo « Tugire amahoro na Micombero yayaduhaye .» Ku ntwaro ya Bagaza na ho bavuga bati : « Tugire amahoro ubumwe n’amajambere » Kuri Buyoya na ho baramutsa bati : «Tugire amahoro n’ubumwe bw’abarundi. » Izo ndamutso rero bazikoresha mu gihe c’amakoraniro no mu manza ntawahura n’umuntu ngo aca akoresha indamutso nk’iyo mu kuramutsa. Ngo zagiye zikoreshwa n’abari ku butegetsi hamwe n’abategetsi zigakoreshwa mu bihe vy’inama, n’iminsi mikuru itandukanye zirafise ico zihuriyeko.Izo ndamutso ziba zifise intumbero yo gutsimbataza intwaro n’abari kuri zo. Umukuru w’igihugu rero mu gutanga iyo ndamutso ashaka ko intwaro yiwe itsimbatara kuburyo n’ejo atakiri kuntwaro abantu bazogira bati ku ntwaro ya Nkurunziza abantu baramukanya uku n’uku. Ngo aho zitandukaniye ni ukuntu za menyekanishijwe ku banyagihugu. Izo ku butegetsi bwa kera ngo abanyaghugu basanga bazimenye kubera abakuru b’igihugu baza barazikoresha, na yo ubutegetsi bw’ubu na bwo bwatumiriye abanyagihugu gukoresha iyo ndamutso.

Abanyagihugu bazoshira mungiro akamo ku mukuru w’igihugu ?

Kazoviyo avuga ko bigoye ko umuntu yomenyera kuza araramutsa akoresheje iyo ndamutso. Ngo indamutso ivana naho uba uri n’ikintu kiba cabakoranije . Ngo iyo ndamutso ntizomenyerwa n’abanyagihugu bose uretse mu nama za poritike, hamwe n’inama zabajejwe intwaro. Ati nk’uwugiye gusaba umugeni ntiyokoresha iyo ndamutso kuko ico aba agiye arondera ni ubumwe mu miryango, ntiyoramukanya akoresheje indamutso ya poritike. Mugabo ngo ntikizobuza ko hari abari ku butegetsi bazoshobora gukoresha iyo ndamutso nko mu manza z’ubugeni ni zindi. Bivana n’ukuntu umuntu aba avyiyumvamwo. Avuga kandi ko iyo ndamutso ari ndende igizwe n’amajambo ane izotuma abanyagihugu itababangukira gukoresha. Kazoviyo avuga ko iyo ndamutso kuva aho isabiwe kuza irakoreshwa atahenshi arumva bayikoresha. Ati : « Nayumvanye umukuru w’igihugu aho yariko ashikiriza ijambo bibuka imyaka itatu ari kubutegetsi. Ahandi nayumvise hari mu bukwe ariko abantu bose baciye batwenga, umwe yariko araramutsa aca asubira kuramutsa ukundi. »

Ivyo mwiyumvira
  1. Kajamunda

    Nta n’ico vyari bimaze!
    Ivyo kuvuga vyerekeye gusubira ku migenzo myiza biriho vyinshi, kwinjira mu vy’indamutso ni ukwihanga intambara utazotsinda kandi itari inakenewe.

  2. MUTUMBA

    Uwo muhinga akongera akaba umwarimu ivyo avuze nivyo. Ntivyumvikana ukuntu mwoba muri mumisi mikuru y’ivy’inkino (nk’akarorero) hanyuma ngo muramutse muvuga « ubutungane ».Iyo ndamutso ni iya Politike ahubwo mbere ni iyo kwiyamamaza. Mbe ko ariko azana indamutso kandi ikiringo ciwe carangiye, iyo ndamutso niyo gushika muri 2015 canke? Canke yoba agomba kurenga kw’ibwirizwa shingiro hamwe n’amasezerano y’i Arusha nkuko tumaze imisi tuvyumva? Hanyuma ntarondere ko tuzomwibukira kundamutso zitaja ntizize kuko ibibi ninki vyiza ntawuvyibagira.Ubu igihugu c’Uburundi kigeze kuwa 3 uhereye inyuma muvy’ubutunzi kw’isi yose,ahubwo nitwagira Imana muri 2015 ntitube turabanyuma tuzoba duhaye. Nyabuna nabwire aba DD bahindure imvugo ntibasubire kuvuga ngo « SHIRIRA », « ZIRYE ZOSE NIZIKIRI MUMAGI », « BACEMWO NTIBABONA » n’ayandi majambo atagira umutwe n’amaguru abe aribo baramukanya gutyo ngira harinigihe twogira IMANA iyo ndamutso ikabahindura, bakagendera iryo baramukanya.
    Kuko nt’Amahoro n’Ubumwe bagomba mugihugu wihweje ivyo izo MBONERAKURE yirirwa arashimira zikorera abo badasangiye umugambwe,
    Kandi nta bikorwa kuko ntamwimbu igihugu kigira (ubuho bazanye Ecole Fyonda-Mentale ibara rigiye kurwa)ngira ibikorwa avuga nibimwe bita « IBIKORWA RUSANGI » bibuza abantu ico bimarira, abantu amajana n’amajana bahurira hamwe kugira bahanahane amabuye atuzura ibeni 3 igitondo cose kigahera, canke bagaharura ikibanza kiri musi yihegitare, abaganga, abarimu, abanyamabanke, abikorera utwabo, abanyeshure…n’abanyepolitike (aba DD) babanje kwuzuza ibitoro imiduga ya Leta,
    Ubutungane nabwo hirya yejo bwari burwaye ubu barabuhamvye bukanura mugabo turizeye k’umusumwe buzikurako iryo vu aba DD babushizeko. NTAMVURA IDAHITA, notuma mbona iyo ndamutso ya Président BAGAZA kuko wewe iryo yaramukanya yararigendeye naho atanyambo ibura agahonzi.
    Ikindi kintanganza nuko yama ariko aravuga intwaro zagahotoro ngo twasezereye mugabo akama ariko arimura (Copier-Coller) ukuntu zakora nkivyo vyindamutso y’igihugu, naho ivyakora vyinshi ari bibi caaaaaane gusumba izo yita intwaro mbi. kutimenya niyo ngwara yambere mbi umuntu ashobora kurwara kandi nibaza ko idakira.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *