Abatavuga rumwe n’ubutegetsi nta gahengwe bagira mu mpimba

Mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana rishira uwa mbere harabaye akajagari mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Abapfungwa bajejwe umutekano w’imbere mw’ibohero barugururiye ku nguvu ahapfungiwe bamwe mu banyororo batabifitiye uruhusha. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi

Mbonimpa Petero Karaveri : «Abo biyita ko bajejwe umutekano w’imbere mw’ibohero rikuru rya Mpimba batazira abajenerari bokurwaho, kuko abanyororo bose bangana imbere y’amategeko.» ©Iwacu

Mbonimpa Petero Karaveri : «Abo biyita ko bajejwe umutekano w’imbere mw’ibohero rikuru rya Mpimba batazira abajenerari bokurwaho, kuko abanyororo bose bangana imbere y’amategeko.» ©Iwacu

Isaha 5 z’ijoro ryo ku wa 27 Ndamukiza, abajejwe umutekano w’imbere mw’ibohero rikuru rya Mpimba bitwa aba Jenerari, bari kumwe n’abandi banyororo bita sombasomba barateye akajagari. Bari barongowe n’uwitwa Korode bivugwa ko aturuka mu mugambwe Cndd-Fdd. Barateye mu bibanza bipfungiwemwo abanyororo bagenzi babo, bitwaje amashoka n’ibihiri mu kumena amagufuri y’imiryango yinjira muri ivyo bibanza.
Amakuru dukura mw’ibohero rikuru rya Mpimba amenyesha ko uwo mudurumbanyo waheze nk’igihe c’isaha umunani z’ijoro, inyuma y’amasaha 2 abo bajenerari bariko bararirimba, bakaba mbere baranaduze hejuru ku mabati. Ayo makuru avuga ko abariko barahigwa ari abanyororo b’aba Fnl baheruka kuvanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, bungururizwa mu Rumonge n’i Bururi, ubu naho bakaba bagarukanwe mu Mpimba. Nk’uko ayo makuru abandanya abimenyesha, hoba hari umugambi w’ukubagiriza ko badurumbanya umutekano bari kumwe n’abanyororo bo muri Msd, kugira bungururizwe mu yandi mabohero yo hagati mu gihugu. Gushika mu gatondo ko ku musi wa mbere, abanyororo bari bacugaranye, bikavugwa ko abo bafashwe bagera kuri 18 bapfungiwe mu kibanza abanyororo basanzwe bakiriramwo abaje kubaramutsa.
Twagerageje kurondera umuyobozi w’ibohero rikuru rya Mpimba, OPC1 Buruno Niyonzima kugira atange umuco kuri ako kajagari kibonekeje mw’ibohero arongoye, ariko ntitwashoboye kumuronka.

Abiketswe ko bateye akajagari ntiboroherejwe…

N’aho umukuru w’ibohero rikuru rya Mpimba, OPC1 Niyonzima Buruno yamenyesheje ko ako kaguma kavuye ku banyororo bikekanye, ariko akemeza ko ikibazo camaze gutorerwa umuti, amakuru yo kwizerwa dukura mw’ibohero rikuru rya Mpimba avuga ko abo banyororo baronderwa ari aba Fnl baheruka kuvanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, bungururizwa mu Rumonge n’i Bururi, ubu na ho bakaba bagarukanwe mu Mpimba.
Abo banyororo baharurwa muri 18 bapfungiwe mu kibanza ca bonyene ahitwa muri Corps, mu twumba tubiri turi impande y’aho abanyororo bakirira abaje kubaramutsa. Ayo makuru ava mu Mpimba abandanya amenyesha ko bafungurirwa indya ziri ku rushi, n’abanyororo bagenzi babo bashatse kubagaburira bakaba baterwa ubwoba n’abo bajejwe umutekano w’imbere mw’ibohero rikuru rya Mpimba bitwa abajenerari
Mw’ishirahamwe APRODH riharanira agateka ka zina muntu n’akabapfunzwe, basaba umukuru w’ibohero rikuru rya Mpimba ko yohagurukira ico kibazo, agarukire abo banyororo bugaraniwe mu kibanza ca bonyene kandi ataco bazira. Mbonimpa Petero Karaveri avuga ati: « Abo biyita ko bajejwe umutekano w’imbere mw’ibohero rikuru rya Mpimba batazira abajenerari bokurwaho, kuko abanyororo bose bangana imbere y’amategeko.»
Ku musi wa kane abo banyororo bafashwe, bariko barategurirwa kujanwa mu mabohero yo mu Rumonge na Rutana.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *