Abarimyi basabwa guhindura ingendo

Mw’ isabukuru ry’ abagwizambuto ryarabereye mu ntara ya Gitega kuri uyu wa 4 na 5 Ruhuhuma. Abarimyi basabwe kwijukira imbuto zirobanuye n’ ugukorana n’ abafundi b’ indimo.-Vyanditswe na Ndayisenga Farasisiko

 Zimwe mu mbuto z’ibiharage zari zazanywe muri iryo sabukuru ©Iwacu

Zimwe mu mbuto z’ibiharage zari zazanywe muri iryo sabukuru ©Iwacu

Ku bwa Hakizimana Eriyakimu intumwa y’ umushikiranganji w’ uburimyi n’ ubworozi , yuguruye iryo sabukuru, imbuto itewe ni yo imera. Avuga ko ata gitangaza coba ngo wimbure neza wateye imbuto mbi. Asaba abarimyi kuzirikana ico ari co imbuto nziza. Ku bwiwe, imbuto nziza ni imbuto idafise agatosi, itarwaye, irinda indwara, yimbuka kandi iryoshe. Avuga kandi ko umurimyi ashobora gutera imbuto mbi kuko yabuze aho ayigurira. Ari na ko gusaba abarimyi bagerageze bamenyane n’ abagwizambuto.

Yamara rero, hambavu y’ ugutera imbuto nziza, umurimyi arakenera impanuro z’ umihinga. Manyange Heremenejiridi umuyobozi w’ uburimyi n’ ubworozi mu ntara ya Gitega aratera akamo abarimyi ngo biture abafundi b’ indimo. Arabubahura mu kumenyesha ko ata na kimwe gisabwa umurimyi yituye umufundi.
“ Umufundi ari ku mutumba ahamagariwe gufasha umurimyi wese ari ku mutumba. Wa murimyi we, hakaba hari akakubakiye ku bijanye n uburimyi eka mbere n’ ubworozi, egera abo bafundi. Nta kindi bajejwe nta n’ ikindi Reta ibahembera kandi bazogufasha ata co barinze kugusaba.”

Nayo umuyobozi w’ igisata kijejwe guteza imbere imbuto zirobanuye avuga ko hari imbuto 6 Reta yahisemwo kwitaho kurusha ku bw’akamaro kazo. Izo na zo ni ibigori, ibiharage, makadamiya, ibitoke ,umuceri,ibiraya n’ imyumbati. Manirakiza Viyane ajejwe ico gisata avuga ko ivyo biterwa bigwijwe inzara ishobora gutuzwa . Vyongeye ivyo biterwa birashobora guhingurwamwo ibifungurwa bitandukanye.
Muri iryo sabukuru ryari ryashimikiye ku mbuto z’ ibiharage n’ ibiraya, hakaba harashoboye kuboneka ibiharage bitari bimenyerewe. Ni nk’ ivyitwa G 13-607.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *