Abanyeshure bo mu mashure matomato baheba ishure ari benshi

Mu gice ca mbere c’umwaka w’ishure 2013-2014, abanyeshure bahevye ishure ku bwinshi bivuye ku mvo zitandukanye. Uwanonosoye ivy’inyigisho asaba ko hoba ikiganiro ku rwego rw’igihugu kugira ngo batange intumbero y’ishure. – Vyanditswe na Uwimana Diane

Leonidas Barakamfitiye

Barakamfitiye Rehonidasi: “Iterambere nyaryo ritegerezwa guca mu nyigisho z’urwaruka. Yamara nta tegeko rihari kugira bigende neza.” ©Iwacu

Ibiharuro vy’abanyeshure baheba mu mashure matomato biguma vyiyongera mu gice ca mbere c’uyu mwaka.
Niyonzima Konsitantino, umuyobozi w’inyigisho mu ntara ya Ngozi amenyesha ko muri iyo ntara hamaze guheba ishure abanyeshure bangana 6007 ku banyeshure 154.880 basanzwe biga mu mashure matomato ari muri iyo ntara.
Yongera akavuga ko abanyeshure baheba ishure bivuye ku mvo nyinshi. Agira ati: “Ubukene, guhurumbira ibisagara, impfu, indwara, gutwara inda batipfuje hamwe n’ukorongorwa batarakwiza imyaka ni bimwe mu bituma abanyeshure muri iyi ntara yacu baheba amashure kare”.
Ico ciyumviro kikaba gishigikiwe na mugenzi we Kwizera Giyome wo mu ntaraya Ruyigi, aho avuga ko abanyeshure 4.647 ku banyeshure 99.500 biga muri iyo ntara bahevye ishure kuva mu gice ca mbere c’uwu mwaka.
Mu ntara ya Cibitoke, abanyeshure 906 ku banyeshure 118.901 bakaba na bo nyene barahevye. Ndayisenga Viyatori, umuhanuzi w’umuyobozi w’inyigisho muri iyo ntara, agira ati: “Kuja kurima, kurema isoko, kwimba inzahabu, ukutamenya no gutwara imbanyi batipfuje ni bimwe mu bituma abanyeshure bacu baheba ishure.”
Birigirimana Saruvatori, umuyobozi w’inyigisho mu ntara ya Cankuzo amenyesha ko mu karere kiwe hari ico abanyeshure bisangije gituma baheba ishure: “Kano karere kegereye Tanzaniya. Hari abantu bahora babona bavuye gupasa, abanyeshure bagaca bashaka kubigana baja kurondera agatahe kugira baje mu rucuruzwa.”
Abandanya avuga ko hari n’abandi baheba ishure kuko bageze mw’irima ry’umuceri.
Mwomenya ko mu ntara ya Makamba , hafi ibice bibiri kw’ijana bahevye ishure nkuko Nyandwi Yaredi abimenyesha, umuyobozi w’inyigisho mu ntara. Nayo i Mwaro, 1.063 bakaba barahevye ishure.

“Hakwiye kujaho itegeko rigumiza abana kw’ishure”

Barakamfitiye Rehonidasi, yanonosoye ivy’inyigisho akaba ari n’umwigisha muri kaminuza amenyesha ko kubona abanyeshure baheba ku bwinshi ishure biterwa n’uko ata tegeko rihari ribagumiza kw’ishure, ari na co gituma baheba uko bashaka. “Mu bindi bihugu nko mu za Buraya biteguwe neza, umunyeshure ni itegeko kuguma kw’ishure”.
Abandanya avuga ko bibandanije uko, abanyeshure bazohava bata insiguro y’ishure. Agira ati: “Iterambere nyaryo ritegerezwa guca mu nyigisho z’urwaruka. Yamara nta tegeko rihari kugira bigende neza.”
Barakamfitiye amenyesha ko ata co boshobora gukora vyihuta yamara arantanga inzira imwe y’icokworwa: “Harakwiye gutunganywa ikoraniro ku rwego rw’iguhugu kugirango bahe intumbero ishure. Muri ico gihe bazokwiga ido n’ido, imvo n’imvano zituma abo bana baheba ishure. Aho na ho ibivuyemwo bakabishira ku mashure bigakwirikizwa.”
Ku bwiwe, ngo abanyeshure bohava bakiga ku buntu baronswa ivya nkenerwa vyose kandi vyiteguriwe.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *