Abanya Rugomero ntibashimye ingingo ya Cntb

Itongo ry’amahegitara 27, ryo mu Rugomero muri komine Rugombo, rirateye impari hagati y’abanyagihugu n’ishirahamwe Cogerco riraba igiterwa c’ipampa. Umurwi Cntb warikomoreye Cogerco. Umunyamategeko ati abo bantu boronswa ahandi. – Vyanditswe na Bayaga Manyusi

Itongo ryo mu Rugomero ©Iwacu

Itongo ryo mu Rugomero ©Iwacu

Gahungu Fororiberi, aba mu Binyange akagira abana batandatu n’abuzukuru, avuga ko yavukiye ahitwa i Gicaca muri komine ya Rugombo mu 1937. Amatongo yabo avuga ko ari ahitwa mu Rugomero. Uwo mutama yemeza ko baharonse ku ngoma y’umwami Mwambutsa kandi ngo barahabaye. Hamaze gutera intambara mu mwaka w’1993 baciye bahungira muri Kongo. Intambara igabanutse barahungutse mu1997 basanga ishirahamwe Cogerco riharimira ipampa. Ico gihe ngo bashikiye ku birindiro vy’abasirikare ahitwa mu Rukana kw’ibarabara rya 3. Agira ati: «Baharimye nk’imyaka ine bahishikirije tutahari, batubwira ngo ni Reta yahahaye Cogerco ngo iharime ipampa.»

«Ni ahacu… » 

Gahungu Fororiberi: “Bahishikirije tutahari.” ©Iwacu

Gahungu Fororiberi: “Bahishikirije tutahari.” ©Iwacu

Gahungu arongera ati: «Aho hantu ni ahacu, na musenyeri Ntuyahaga yarahadusanze, na perezida Bagaza arahadusanga.»  Akibaza rero ati none ko batubwira ngo bwari uburimiro bw’ipampa abo bantu bagendeye ipampa ntibagendeye abantu? Bamaze kubibona ngo barituye komine Rugombo, na yo ibaha uburenganzira bwo kuharima. Ariko haciye haza imashini izanywe na Cogerco kurandura iyo mirima.
Uwo munyagihugu avuga ko baciye baja kwiganira ingorane zabo buramatari w’intara ya Cibitoke, baramwereka n’ibisigarira vy’inzu zabo z’imbere y’indwano. Abandanya avuga ko abo muri Cogerco baciye bavuga ko bumvise yuko aho hantu haba imiryango 30 gusa, abandi ngo boba ari abanyekongo. Ngo ni kwo guca basaba uburangamuntu abahaba, butangwa n’imiryango 374, ariko ngo n’ubu nta nyishu y’ikibazo cabo barabona.

Ishirahamwe Cogerco ryarituye umurwi Cntb

Barutwanayo Eferemu, arongoye agacimbiri Bunyange, avuga ko yavukiye ahitwa Rugomero aho nyene havugwa amatati. Yemeza ko aho hantu baharonse mu 1945 ariko intambara iteye mu 1993 bagahungira muri Kongo. Arabandanya ati: «Twahungutse dusanga Cogerco yaraharimye ipampa kuko ata bantu bahaba ico gihe.» Arakomeza ati: «Twaraburanye na Cogerco kuri buramatari Barutwanayo Zefirino maze arahadukomorera, ariko ati ntimwoja kubayo ubu ku mvo z’umutekano muke.» Uwo mugabo avuga ko Cogerco yaciye ijana urwo rubanza mu murwi utatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo(Cntb) wo mu ntara ya Cibitoke, uwo na wo ukaba wabamenyesheje ko iryo tongo ari irya Cogerco. Uwo munyagihugu ati: «Cntb yaciye iza idutoteza ntiyadufata nk’abantu. Ikete baridusomeye itariki 20 Gitugutu 2013 kandi ryari ryasohotse itariki 20 Ruheshi 2013. Ni ukuvuga ko ikiringo c’amezi abiri co kwunguruza cari carenganye kandi tutararibona. Baduhamagaye batubwira ko ari inama dusanga ni iryo kete. Kandi bati kuva ubu ntimuze musubireyo.»
Akavuga rero ko bibagoye mu gihe aho baba ubu atari iwabo kandi aho handi na ho batarahakomorerwa. Barutwanayo yemeza ko bari bababwiye ko hashinzwe umurwi muri Ndamukiza 2013, ugizwe n’abaserukira intwaro muri komine, mu ntara, abaserukira Cogerco hamwe na Cntb, ariko ngo ntaco wabamariye.

Harakozwe urusasuma rw’imvukira

Avuga ko na komine yabajije igituma uwo murwi utavyize imbere y’urwo rubanza. Ku bwiwe rero ngo basanze bariko barabeshwa ngo ivy’iryo kete birimwo amahinyu. Yemeza ko baciye babakorera urusasuma ku miryango 374 ihaba basanga ni imvukira koko, ariko ngo nta vyo babona birashoboka. Ikindi avuga ni uko kare bahora bajana abaporisi bakabaka amasuka ariko kuva ico gihe ntibaheruka. Ikindi yemeza ni uko bamaze kurandurirwa imirima incuro zitatu zose. Atangazwa rero n’ingene Cogerco yazanye ikete ryemeza ko yahahawe mu 2008 kandi na we akaba yahavukiye mu 1986.
Yerekana ikete musitanteri yandikiye umukuru w’umutumba Rukana ya 2 itariki 16 Nyakanga 2008, amusaba guhagarika ibikorwa bikorerwa mu Rugomero n’abahawe na Cogerco, ngo hasubizwe abahahora imbere y’intambara. Aho hantu avuga ko hangana na hegitara 27, ati dusaba kuhasubizwa nk’uko abandi bahungutse basubizwa mu vyabo. Ngo ubu hari imirima yabo ariko bafise ubwoba ko igihe co kurima ipampa kigeze bazohava basubira kuyibarandurira. Baridogera musitanteri wabo ko azi ukuri akanka kukuvuga kuko ngo hahora hatungiwe inka za se wiwe imbere y’amagume.

Ku bwa komine na Cogerco abo barabesha

Ku bwa musitanteri wa Rugombo, Kaderi Beyatirisi, ngo baharimira ipampa rya Cogerco, ariko amatongo ntiyari ayabo. Ngo barashizeho umurwi utohoza neza abahoze barimiraho, baheze babahe ahandi ariko ngo ntibishoboka ko basubirayo kuko hagenewe kurimwa ipampa.
Nahimana Petero Karaveri, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Cogerco rihingura igiterwa c’ipampa, avuga ko mu Rugomero atari aho abanyagihugu. Amenyesha ko hari umurwi ugizwe n’abo mu bushikiranganji bw’ibidukikije n’abo muri Cntb bahishikiye basanga ntihari mu mapeyizana, hari mu bibanza vyagenewe kurima ipampa, bidashobora gutangwa na musitanteri canke buramatari. Ati abo bantu ntibamye bahaba kandi musitanteri yahatanze atabifitiye uburenganzira. Abaharima ngo bari batumwe na Cogerco ngo barime ipampa, amatohoza yerekanye ko badashika 300 ahubwo ngo barenga gato 100. Avuga rero ko Cogerco ari ishirahamwe rya Reta, kuva mu 1947 rijejwe gutunganya imirima yagenewe ipampa. Rifise ububasha kuri ayo matongo kuko ari ryo riraba uwo mutungo w’igihugu.

Cntb ivuga ko ata tegeko ryarenzwe

Mbonimpa Diyodoni: “Baharonse bidaciye mu mategeko.” ©Iwacu

Mbonimpa Diyodoni: “Baharonse bidaciye mu mategeko.” ©Iwacu

Mbonimpa Diyodoni, avugira umurwi Cntb ku rwego rw’igihugu, amenyesha ko igenekerezo rya 21 Nyakanga 2012 uwo murwi waronse ibirego vya Cogerco iwusaba kuyikurikiranira amatongo yayo. Yarahaye uwo murwi urutonde rw’amatongo yigaruriwe n’abanyagihugu haba muri komine Rugombo canke Buganda. Uwo murwi ngo umaze kugira amatohoza wafashe ingingo yuko habwirizwa gusubizwa Cogerco hakarimwa ipampa kuko ari co hari haragenewe. Mbonimpa rero ati abo banyagihugu si iwabo baharonse bidaciye mu mategeko hasanzwe ari aha Cogerco.
Amenyesha kandi ko hashizweho umurwi ugizwe n’abaserukira komine, intara na Cogerco kugira batohoze abo bantu babaronderere ahandi baba n’aho barima. Ati twatunganirije iryo shirahamwe rya Reta kandi na Reta turayitunganiriza. Nta tegeko ryarenzwe.

«Bobanza gutohoza neza ko hatari aho abantu» 

Bukuru Barutazaro: “Borondera ahandi babashira.” ©Iwacu

Bukuru Barutazaro: “Borondera ahandi babashira.” ©Iwacu

Bukuru Barutazaro, yahoze ari umushingwamanza wa Reta, aremeza ko ishirahamwe Cogerco ryahawe amatongo na Reta mu ntumbero yo kurima igiterwa c’ipampa. Mu gihe ritakiriko rirahakorera ico gikorwa habwirizwa gusubizwa Reta. Ku bijanye n’ico kibanza co mu Rugomero, ngo bobanza gutohoza neza ko hatari aho abantu, basanze ari vyo bakabaha umuzibukiro. Bukuru rero aributsa ko hari abarundi bavuye mu mihingo itandukanye baza mu biyaya, aho babatije amatongo yo kurima ipampa canke ibigazi. Ayo matongo rero ngo bikenewe barashobora kuyabaka mu gihe atakiriko akoreshwa ico yagenewe. Akibutsa kandi ko mu gihe Reta isubiye ku matongo yayo, ibanza kuraba ikiringo abo bantu bayamazemwo kuko na bo ntibabwirizwa guhebwa.
Icokorwa rero ngo ni ukubaronderera ahandi babashira. Basanze na ho bahabaye imbere yuko Cogerco iharonka, bobahereza umuzibukiro nk’uko bitegekanijwe n’amategeko mu gihe hari ahagiye gukoreshwa ku nyungu za bose. Ati amatongo ya Reta yose yoronswa impapuro ziyaranga akongera akazitirwa mu ntumbero yo kuyakingira abantu boyiyitirira. Arangiza avuga ko ingingo y’214 yo mw’itegeko rigenga amatongo itomora amatongo ya Reta ayo ari yo.

Ico mwiyumvira
  1. Gushima

    Jewe naho ndi muto ndibuka ko niganye muri primaire muri 1979 n’abana baba murico gice sinumva ingene bokwangazwa igihe abenshi muri bo abavyeyi bahabibarukiye bitavye imana.leta yoraba ico ibamaza hako bangazwa

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *