Abana barakoreshwa, guhembwa bigaca kure

Abanyeshure b’i Songa bahora mu buruhuko bariyungunganya bagaca amahera yo kugura ibikoresho vy’ishure muri Budeca. Ariko rero, mahera bayaronse induru zibanje kuvuga.Vyanditswe na Kwizera Emeri

 Bamwe mu bana bari barindiriye guhembwa imbere y’ihingu riro ritonora ikawa Budeca ©Iwacu

Bamwe mu bana bari barindiriye guhembwa imbere y’ihingu riro ritonora ikawa Budeca ©Iwacu

Ku musozi wa Songa ahasanzwe hari ihunguriro ritonora ikawa Budeca ryahoze ryitwa Sodeco . Nk’isaha 5 zo ku mutaga, twahasanze urwaruka rwinshi ahanini rugizwe n’abavuga ko ari abanyeshure, rwicaye rwarambiwe rusa n’ururushe cane. Tubabajije igituma bari aho, batarya umunwa, batubwiye bati: “Niga mu mwaka wa gatandatu nasivye nje guhembwa amahera nakoreye ntonora ikawa, nk’ubu tutari bwagure amakaye tuzogira gute?” Uwo yari umwana agaragaza akababaro ko kubona yaraheraniwe.

Uwundi ati : “Na jewe nari nkeneye kugura amakaye. Ikibabaje ni uko n’uwo twakoreye tutazi iyo ari. Twaherutse atwandika ntiturasubira kumubona.” Abo bana bavuga ko baguma babazembagiza babizigiza mu kubabwira ko babahemba umusi munaka ariko bakabahenda: “Batanguye kutubwira ko bazoyaduha itariki imwe hanyuma batubwira munani, uno musi wa ri ntabanduka none raba n’ubu tugire dusubire inyuma uku “

Umwe mu bana bari aho ni ko yidoga. Abo bana kuva igenekerezo rya mbere nyakanga bemeza ko baguma bahabwa amasango amaso agahera mu nzira. Ariko naho bateba guhembwa bobo ntibateba gukora umwana umwe mu bari aho avuga ko yatonda isaha imwe y’igitondo agataha isaha 12 z’umugoroba.

Umwe mu babakoresha tutashoboye kumenya izina akaba yaranse n’ukuduha ikiganiro yatubwiye yihuta ko atumva ukugene twahaye ikiganiro abo bana. We abagereranya n’ikozi z’ikibi mu kuvuga ati:” Murashobora kubavugisha? Abo ni abihevyi basa n’aba arakiyida (al qaida). Abagiriza kuba barateye amabuye kw’ihinguririo Budeca bariko bishuza agahembo kabo ariko boibo bakabihakana.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *