Abaforoma basaba kwubahirizwa mu kazi kabo

Ama sendika y’abaforoma ari yo SYNAPA na SNTS ariyamiriza ibohwa ry’abaforoma bo ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, aho baboshwe n’abaporisi. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi

Marie Bukuru et MĂ©lance

Hakizimana Merensiyo na Bukuru Mariya ©Iwacu

Intureka zabereye muri komine Kinindo, hagati y’abanywanyi ba Msd n’abaporisi, ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 8 Ntwarante 2014, zatumye hakomereka urwaruka rwo muri uwo mugambwe. bamwe mu bakomeretse baciye baja kuvurirwa ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore. Umwe mu bariko bavurirwa kuri ivyo bitaro yaraciye mu ryahumye abaporisi bari bamucunze, aratoroka. Abaporisi bamubuze baciye bafata bamwe mu baganga bo kuri ivyo bitaro, barababoha n’imigozi. Ivyo vyatumye haduka akajagari kadasanzwe kuko ibitaro vyaramaze ikiringo c’amasaha atandatu akazi kahagaze.

Amasendika y’abaforoma aratera ivyatsi iyo nyifato

Muri sendika SYNAPA hamwe na SNTS zihurikiyemwo abaforoma, bamenyesha ko amatohoza bakoze yerekanye ko iryo hohoterwa ryakozwe n’abaporisi. Basaba reta y’Uburundi ko yokwitwarira abo bajejwe umutekano birengagije amabanga bajejwe.
Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 11 Ntwarante, Hakizimana Meresiyo, umukuru wa sendika SYNAPA yaribukije akazi bajejwe. Yagize ati:” Tujejwe amagara y’abantu n’ukuvura uwutwituye wese tutaravye umugambwe, ubwoko, canke amamuko y’umurwayi.” Yabandanije avuga yuko, kuba umwe muri urwo rwaruka rwa Msd yaratorotse, vyari kubazwa abaporisi bari bamucunze. Ku bwiwe, igiporisi nticari kwihutira kuboha abaganga bari ku mirimo yabo, kandi n’amatohoza ataraba.

Basaba iki?

Ica mbere basaba ni uko abaforoma bahohotewe bohabwa indishi y’akababaro. Ica kabiri ni uko igiporisi c’Uburundi cohumuriza abaganga bo ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore. Igiteye ubwoba ni uko abaganga bose bari kw’izamu muri iryo joro basabwe imyidondoro yose yabo, ariko ntibababwire ico bagiye kubikoza. Ikindi ni uko gushika ubu hacibonekeza kuri ivyo bitaro abaporisi ku bwinshi, hamwe n’abandi batambaye impuzu z’inyamiramabi bivugwa ko boba ari abakozi b’igendereza.
Bukuru Mariya, umukuru wa sendika SNTS, yibutsa abo baporisi bahohoteye abaganga ko ni baba ubu bakomeye, ejo bagakwa n’amagara bazokwikora kuri abo baganga bariko baratera ubwoba.
Umushikiranganji w’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonyanganda Sida yasabwe kuva mu gacerere. Yerekane aho ahagaze ku bikorwa vy’ihohoterwa rya kiremwa muntu n’agateka ka zina muntu vyakorewe abakozi bo mu bushikiranganji arongoye.
Barangije bamenyesha yuko reta yirengagije ivyo basavye, bazoca bakoresha uburyo bwose bahabwa n’amategeko, mpaka agateka kabo kubahirijwe. Basavye bashimitse ko abahohoteye abaganga bo ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore bakwirikiranwa n’amategeko.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *