Abaca igiti bita «umuvyi» baragabishwa n’ubushikiranganji bw’ibidukikije

Mu gihe igiti bita «umuvyi» kibangamiwe n’abagica bagishora mu mahanga, ubushikiranganji bujejwe ibidukikije buragabisha uwuzogica bidaciye mu mategeko. Ico giti gifise akamaro kanini ku gihugu. – Vyanditswe na Bayaga Manyusi

Ndayishimiye Remi: “Ingingo zo gukingira ico giti zarafashwe” ©Iwacu

Ndayishimiye Remi: “Ingingo zo gukingira ico giti zarafashwe” ©Iwacu

Ubushikiranganjio bw’amazi, ibidukikije, gutunganya amatongo n’ibisagara bwaraye bugabishije uwo wese azosubira gufatwa aca igiti citwa umuvyi canke agishoye, mu buryo budahuye n’amategeko. Ivyo vyashikirijwe mw’itangazo ry’ubwo bushikiranganji ryo ku wa 14 Nzero 2014. Bubicishije kuri Ndayishimiye Remi, asanzwe avugira ubwo bushikiranganji nyene, bwamenyesheje yuko muri kino gihe hagize imisi hibonekeza abaca bakongera bakanashora bitarekuwe n’amategeko, igiti bita «umuvyi» . Ivyo ngo vyibonekeza cane cane mu karere k’ubugesera, mu ntara za Kirundo, Muyinga no mu micungararo yaho. Ndayishimiye avugira ubwo bushikiranganji avuga yuko kubera ivyo bikorwa bigayitse vyo guhonya ibiti, bo bita gukorera amabi ibidukikije, ubushikiranganji buraba ibidukikije buragabisha bimwe bikomeye uwo wese yiha uburenganzira bwo gukoresha bidaciye mu mategeko ico giti, narirya kiri no mu bwoko bw’ibiti bubangamiwe n’ibikorwa bigayitse vy’abantu bamwe bamwe.

Ingingo zo gukingira ico giti zarafashwe

Uwo muvugizi w’ubushikiranganji amenyesha rero yuko ubwo bushikiranganji avugira bumenyesheje abarundi ko zamaze gufatwa mu ntumbero yo gukingira, kubungabunga no kugwiza ubwo bwoko bw’igiti. Ngo bagiye kukigirira itunganywa rishasha. Ndayishimiye rero ati ubushikiranganji bw’amazi, ibidukikije, gutunganya amatongo n’ibisagara buboneyeho akaryo ko gusaba inzego zijejwe ivy’uruja n’uruza ku mbibe, ikigo kijejwe gutoza amatagisi n’amakori Obr, inzego zijejwe gucungera umutekano mu gihugu hamwe n’abarongozi bo ku nzego zikorera muri iyo micungararo, ko abo bose bokwitanga kuruta uko bahora, umwe wese mu bimuraba, bagakorera hamwe kugirango bahagarike burundu icibwa n’urudandazwa bikorerwa umuvyi bitemewe n’amategeko.
Ku vyerekeye abo mu ntara za Kirundo na Muyinga, ubwo bushikiranganji bubahamagarira kwitaho gukingira no gucungera ico giti mu kurorera yuko izindi ntumbero zifatwa. Izo na zo zoba ari izijanye n’igwizwa ry’ico giti, kuko gisanzwe kigize ubutunzi buhambaye ku gihugu.

Abaca ico giti bakijana hehe?

Ibishitsi vy’umuvyi vyafashwe mu Kirundo ©Iwacu

Ibishitsi vy’umuvyi vyafashwe mu Kirundo ©Iwacu

Mu mpera z’uyu mwaka twaraye turangije, amatoni arenga 200 y’ibishitsi vy’ico giti yarafashwe mu ntara ya Kirundo. Ivyo vyashobotse kubera habaye ugukorana hagati y’abanyagihugu n’abajejwe umutekano. Ivyo rero ngo vyagomba gushorerwa mu bihugu vy’Ubuganda na Tanzaniya. Abanyagihugu bo ngaho bemeza yuko ikiro kigurwa amafaranga ari hagati y’150 n’300 ku kiro. Ikindi ni uko i Kampara mu gihugu c’Ubuganda hasanzwe hari ihinguriro rikoresha ico giti mu guhingura ibikoresho vyo gushaza nk’ubudede n’ibimota bita “parfums”. Bikavugwa rero yuko ibivuye muri ico giti usanga bizimvye. Ikoreshwa n’idandazwa vy’ico giti rero ngo bisanzwe bigengwa n’amazezerano mpuzamakungu. Aha mwomenya yuko hari umuhindi ategekanya kwubaka ihinguriro rikoresha ico giti c’umuvyi hano mu Burundi.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *