Itunganywa ry’amatongo ku mpande zose

Mu gihe amatongo yo mu Burundi ari musi y’ikirere gitanga imvura n’izuba, atera agabanuka. Ayo matongo agaburira imiriyoni 10 z’abantu, mugabo ariko arananirwa. Aho ni mu gihe umurundikazi avyara abana batandatu muri rusangi kandi bagaburirwa n’ayo matongo. Mu gihe isi ndimwa igabuwe, muri rusangi umurimyi akoresha igice c’ihegitara. Inyuma y’imyaka mirongo ibiri, ayo matongo azotunga abangana incuro zibiri abo isanzwe itunze ubu. Mu kurindira yuko imitwe y’abatwara ivyiyumvira, abatwarwa bobo babikora uko bishakiye, ku buryo bashoboye: impari, indyane n’imburano, umwe wese akitwara aho yizeye ko yotunganirizwa. – Vyanditswe na Rudoviko-Mariya Nindorera uwuserukira ishirahamwe Global Rights
Umwaka w’2013 ntiwaje uvugira biboneka ingorane z’amatongo. Akamo k’ibimenyeshamakuru n’abanyeporitike ku ngorane za Cntb kahinduye intumbero y’ingorane nyinshi n’ibibazo vy’amatongo bihanze Uburundi. Aho haziye itegeko rishasha rigenga amatongo hamwe n’umurwi w’igihugu ujejwe ibibazo vy’amatongo, ibibazo vyoba bigiye guhera?

Ingoro z’amatongo n’impapuro ndangatongo: mu kurindira akarusho mu butunzi

Kuva ku wa 9 Myandagaro Uburundi bufise itegeko rishasha rigenga amatongo. Ryarafashije mw’ishirwaho ry’ingoro z’amatongo ku makomine. Izo zifasha gupfunya urugendo n’ukugabanya amafaranga yo kurondera inkaratasi ndangatongo. Amakomine 26 kw’129 yo mu Burundi arafise ingoro z’amatongo. Mu 2013, impapuro ndangatongo hafi 12.000 zari zaratanzwe mu makomine 9. Abanyagihugu baho bemeza ko izo nkaratasi zafashije cane mu kugabanya amatati y’amatongo. Ariko hari ikibazo c’imfashanyo z’abagiraneza zifasha muri ico gikorwa. Ku makomine zahagaritswe vyarateye ingorane. Iyindi ngorane ni uko igitigiri c’abasaba izo nkaratasi kirengera ubushobozi bw’abazitanga ufatiye ku buryo basanzwe bakoresha. Nk’uko bisanzwe, abakenyezi barirengagizwa muri ico gikorwa. Uretse akamaro ko gukingira amatongo, izo nkaratasi ziratangwako ingwati mu kuronswa ingurane. Icigwa kiriko kirasozerwa cakozwe mu makomine 8 yo mu ntara 5, cerekana yuko amashirahamwe abiri atanga ingurane ntonto yazitanze ku bantu 59 hakoreshejwe inkaratasi ndangatongo. Izo ngurane zishika ku mafaranga angana 82.170.000. Ariko naho biri uko hari amashirahamwe atanga ingurane ntonto atemera inkaratasi ndangatongo nk’ingwati. Ikindi ni uko n’abanyagihugu baronka izo nkaratasi basanzwe bari ku rushi.

Ubutunzi bw’itongo: buca tubwibuka muri kahise ?

Mu gihe ikwiragizwa ry’ingoro z’amatongo n’itangwa ry’inkaratasi ndangatongo vyofashije muri kazoza kwerekana uburinganire bw’amatongo y’abanyagihugu, ayegukiye reta yoyo ntarasobanuka. Urutonde rwayo rumaze imyaka 12 rukozwe, rwerekana amahegitara 141.445 y’amatongo ya reta, ayidegemvya n’ayo babamwo. Ni igisata gisa n’icahebwe mbere hari n’abaguma bikebera bagabangana udusigarira tw’ayo matongo ya reta ata nkomanzi. Ni nde yamira? Ni umurwi w’igihugu uraba ibibazo vy’amatongo? Muri kino gihe ugizwe n’abantu 13, washizweho n’itegeko rishasha rigenga amatongo uca ugenwa muri Ndamukiza 2012. Ujejwe gusuzuma no gutanga icivyiyumviro ku bategetsi, ku vyerekeye gutiza canke gutanga amatongo ya reta be no gukura abanyagihugu mu matongo yabo. Mu ntango za Munyonyo 2013, uwo murwi wari umaze kuronka amadosiye 120, yose yerekeye gusaba gutiza no kugaba amatongo ya reta, akaba nka yose yaturuka mu buzi bwa reta. Ico ni ikimenyetso c’uko ingendo nziza nshasha iriko iraza buhoro buhoro mu buzi bwa reta: iyo gusaba itongo ahantu hamwe (ubushikiranganji butunganya amatongo bukitura umurwi) bikihwezwa hagatangwa n’iciyumviro capfundikiwe hamwe.
Ariko ikigaragara, nkuko vyihwejwe n’urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ku bibazo vy’amatongo, ni uko mu myaka y’2012 n’2013, ubushikiranganji na wa murwi uraba ibibazo vy’amatongo babizi canke batabizi, amatongo yabandanije atangwa n’abategetsi batabifitiye uburenganzira. Ahaharurwa mu macumi, ingingo zo gukura abantu mu matongo yabo zarafashwe ziranashirwa mu ngiro, bikavugwa yuko ari ku nyungu z’igihugu kandi na beneyo batahawe umuzibukiro ukwiye. Ariko bwaba ubushikiranganji bw’amatongo, waba wa murwi uraba ibibazo vy’amatongo, ugasanga nta ruhusha basabwe canke ntibabimenyeshejwe ngo batange iciyumviro. Bamaze kumenyeshwa uko guhonyanga amategeko, umushikiranganji ajejwe gutunganya amatongo kumwe n’uwo murwi w’igihugu ujejwe ibibazo vy’amatongo, baciye batunganya inama muri Munyonyo na Kigarama 2013 mu ntara ya Gitega. Hatumiwe abantu 300 bagizwe na ba buramatari, ba musitanteri, abarongoye amanama mpanuzwajambo ya komine hamwe n’abakozi bakuru bakuru bo muri ubwo bushikiranganji mu ntumbero yo kugarukira amategeko.
Harakwiye gukorwa ibisumba kubibutsa iyubahirizwa ry’amategeko kugira hashobore guhagarikwa ubunyonyezi bw’amatongo, mu gihe habandanya hibonekeza ukwigarurira amatongo ya reta, ingingo zigateba gufatwa. Reta birayigora kuronka ibibanza vyagutse ngo ishobore kurangura imigambi y’iterambere, mu gihe hakenerwa amatongo yo kurimamwo n’ayo kubakamwo ku banyagihugu bagwirirana ku rugero rurengeye isi ndimwa. Ni mu gihe habaye ibikenerwa, atari inyungu za reta, aho iyo reta yohagaritse abanyonyeza amatongo yayo, ica ifata iyindi ntumbero yo “kugarukana amatongo yatanzwe bidaciye mu mategeko”. Icegeranyo cakozwe na Cntb kigashirwa ahabona muri Myandagaro 2010 n’umushikiranganji ajejwe amatongo, kigereranya amahegitara 6.628,7862 y’uburinganire bw’amatongo ya reta yatanzwe bidaciye mu mategeko mu ntara 12. Kubera hashakwa cane, aha na hariya, abajejwe intwaro kandi batabifitiye ububasha, baciye basimbira kuri ayo matongo bihuta kuyagarura mu kwanka yuko yongera kugwa mu minwe y’abanyonyezi. Ntivyitondewe neza, ico gikorwa co kugarukana amatongo ya reta yasahuwe cashinzwe umurwi Cntb, kandi muri Nzero 2012 itegeko rigenga amatongo ryarashizeho umurwi w’igihugu wigenga uraba ibibazo vy’amatongo, ushinzwe gufasha reta mu kazi kayo ka misi yose mu vyerekeye amatongo ya reta.

Cntb hagati y’ubutungane n’abanyeporitike

Kugarura amatongo yanyazwe ni vyo ahanini bishingiyeko amatati haraheze umwaka urenga, umurwi Cntb urongowe na musenyeri Bambonanire Serapiyo utatura ayo matati mu buryo budashimisha bose. Musenyeri Bambonanire ntabanduka ku ngingo ziwe zo gusubiza amatongo mu gihe abasohowe be n’imiryango yabo baguma bavuza amaborogo. Mu gihe kuri bamwe ivyago vyo mu mwaka w’1972 bibibutsa amaraso yasesetse n’abataye igihugu bagahunga, uwo musenyeri we yihutira gusohora abantu mu matongo gihutihuti, bafadikanije na reta canke wenyene. Inyuma y’imyaka 40 ni ho ivyabaye mu 1972 bigaragariye mu ngingo ziteye impairi zihagarikiwe na Cntb. Mu gihe bamwe babona yuko umurwi Cntb, ugitwarwa n’umuhisi patiri Kana, utatatura neza izo manza z’amatongo kuko wagaburira bene amatati, ingingo ntabanduka yo gusubiza uwahungutse ishira imbere uburenganzira bwiwe no kwibuka ko yamaze imyaka 40 ayerera, atagira iyo aja n’iyo ava. Abatari bake barahagurutse ngo bahagarike ukwo gusohora abantu mu vyabo gukorwa na Serapiyo, abandi bagasaba yuko abaharonse “biciye mu kuri” botunganirizwa, mugabo abo ntibemerwa ko babaho n’abo bakora ivyo bikorwa. Haguma agacerere ariko reta yo irabandanya ivyo bikorwa biba ku nguvu. Nimba kahise kamye kerekana yuko akarenganyo bitebe bitebuke kishurwa, abasahuye mu 1972 babibonye muri kino gihe be n’uruvyaro rwabo. Ariko icigwa nticari gikwiye kugarukira kuri abo gusa, kandi mu gihe reta iguma yirengagiza ko hari abaharonse mu kuri, na bo nyene nk’uko kw’abo basahuye mu 1972, akahise kazobahindukirira umusi umwe kuri ibi vyo kwirengagiza abandi, nk’uko kw’impfuvyi n’abahunze mu 1972, bari barasuzuguwe bagakengerwa ngo ni bake.

Abashingamateka, abakenguzamateka, umuhuza: geza aho agacerere

Kuguma ureka abategetsi batabifitiye uburenganzira batanga amatongo ya reta canke bagakura abantu mu matongo yabo bititondewe hatabanje gutangwa n’umuzibukiro, ukwirengagiza akamaro k’itunganywa ry’amatongo, umurwi ujejwe amatongo ugahabwa amafaranga y’intica ntikize, reta ntiba igikurikirana neza ibibazo vy’amatongo. Ikigaragara, amatati y’amatongo hagati ya reta n’abanyagihugu atera yiyongera, ikibabaje ku muhuza mu gihe icegeranyo co mu 2012 cerekanye kandi gisaba yuko ibiraba amatongo vyokurikiranwa na reta. Itegeko rimuha ububasha bwinshi kandi budasanzwe kugirango ahimirize reta n’inama nshingamateka zikore mu kurwanya ikoreshwa ribi ry’amatongo. Inama nshingamateka yo nyene isa n’iyidohoye kera kuva mu gikorwa cayo co gukurikirana reta mu bijanye n’amatongo. Isa n’iyiseruka mu bihe bidasanzwe. Ni incuro kangahe canke ni ba Miburo, Nyandwi, Minani, Nyabenda, Macumi (amazina bita abana ba 6,7,8,9na10 bavutse mu muryango umwe)bangahe bakivuka muri kino gihe, bakagwana kandi bakicana ngo bagabure agatongo ataco kavuze, kugirango poritike y’igihugu ku bijanye n’amatongo ije mu vyihutirwa kandi ku buryo bikwiye?

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *