Umutekano
15-04-2015
Uruzitiro rw’amatafari rwasidutse kubera amazi y’imvura ©/Iwacu

I Gitega imvura imaze imisi irwa ari nyishi. Ku ndwi yaraye irangiye amazi yayo yahitanye uruzitiro rw’umuhana wo mw’i Shatanya. Vyavuye ku migende mibi. Abahaba basaba ko yotunganywa ibara ritararwa.-Vyaditswe na Kwizera Emeri Imyidogo ni myinshi iva ku mabarabara mabi. Atagikozwe inkurikizi zishobora kuba nyinshi. Abanyagihugu baratswe intererano kugira amabarabara […]

Inkuru yose
Ubutunzi
13-04-2015
Ikibanza kimwe mu ho banyweshereza igitoro ©/Iwacu

Ubukene bw’igitoro bwasubiye kw’ibonekeza mu gisagara ca Gitega. Abunguruza abantu riraniga. Bidogera abakidandaza na Reta.–Vyanditswe na Kwizera Emeri Kuri uyu wa kabiri amasitasiyo menshi ntiyarangwa kw’ibitoro. Kuri sitasiyo Frabil iri kw’ibarabara rya Muyinga, abakozi baho bamenyesha ko baheruka gutanga igitoro ku wa kane w’indwi iheze. Eka no kuri sitasiyo Engen […]

Inkuru yose
Amagara y'abantu
13-04-2015
Umurimyi ariko yerekana imboga ziteye igomwe ©/Iwacu

Mu guhangana n’ukwaga kw’amatongo, abarimyi bo muri komine Nyarusange bariko barimenyereza gutunganya imirima y’imboga.-Vyanditswe na Manirakiza Yohani-Noweri « Ntitukigura imboga canke ibitunguru. Tubisoroma mu mirima y’imboga yacu, tugaca tuziganya amahera twasohoye. » Barekebavuge Fabiyano ni we yikeza ari mu murima w’igipimo. Mu ntumbero y’ugufungura neza, n’ukwiteza imbere mu bijanye n’ubutunzi, […]

Inkuru yose
Agateka kazina muntu
23-03-2015
Igirubuntu Karedi kicaye ku musaya w’ inzu aho kabaye ©O.N/Iwacu

Akana Igirubuntu Karedi kaba muri Karatiye ya Yoba mu gace Wankana karahohoterwa biteye isoni. Basaba ko korerwa mu bigo vy’ impfuvyi.-Vyanditswe na Ndayisenga Farasisiko « Uyo mwana vy’ ukuri twebwe turiko turabiraba birateye imbabazi.Uyo mwana avyukira gukubitwa akaryamira gukubitwa.Twitegereje turabona ko ubuzima bw’ umwana bugiye kuzimangana . Ehe kwashi ng’ […]

Inkuru yose
Ijwi ryanje ico niteze
16-02-2015
drapeau frodebu

Mu mwaka w’2010, abitoza barakwiye ibisagara n’imitumba biyamamariza guserukira abayanyagihugu. Ko bemereye vyinshi abanyagihugu, inyuma y’imyaka itanu hahindutse iki ? Ikinyamakuru Iwacu ciyemeje gushikira abanyagihugu bo mu gihugu hagati mu mihingo ya kure, maze bashikirize uko babibonye, n’ico biteze ku matora yo mu 2015. Muri iyi ndwi Iwacu yashitse mu […]

Inkuru yose
Ubutunzi
13-02-2015

Mw’ isabukuru ry’ abagwizambuto ryarabereye mu ntara ya Gitega kuri uyu wa 4 na 5 Ruhuhuma. Abarimyi basabwe kwijukira imbuto zirobanuye n’ ugukorana n’ abafundi b’ indimo.-Vyanditswe na Ndayisenga Farasisiko Ku bwa Hakizimana Eriyakimu intumwa y’ umushikiranganji w’ uburimyi n’ ubworozi , yuguruye iryo sabukuru, imbuto itewe ni yo imera. […]

Read more
Umutekano
13-02-2015

Abadandaza bakorera mu gice c’isoko nkuru ya Gitega n’abanyagihugu bahegereye bamenyesha ko bageramiwe n’abasuma biba mw’ijoro. Bidogera abaporisi badakizura bihagije.-Vyanditswe na Kwizera Emeri na Ndayisenga Farasisiko « Ikibazo twebwe abanyagihugu dufise, ni « Abasuma b’ijoro ni bo batugeremiye. Kandi rero n’iyo baje kwiba abanyenzamu barabamenya. N’uwamenye harya baramumenye. » Bivugwa […]

Read more