Samedi 20 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa kabiri nzero 2017

02/01/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa kabiri nzero 2017

• Umukuru wigihugu c’uburundi yateye imikono ko bantu bagiye kurongora no kugira imwe mu mirwi itandukanye , muriyo irwi hakaba harimwo umurwi wigihugu ujejwe ubumwe no kunywanisha abarundi urongowe na amabassadeur Guillaume Ruzoviye arongoye umugambwe uharanira intwaro ya cami PMP abagenderabang icegera ciwe ni Alice Nzomukunda arongoye umugambwe ADR nawe musenyeri Justin Nzoyisaba numunyamabanga wuyo murwi .Jean de Dieu Mutabazi arongoye umugambwe RADEBU nawe agiye kurongora umurwi w’igihugu ujejwe gukinga nugukinga ihonyabwoko ,ivyaha vyo muntambara nibindi vyaha vayagahomerabunwa

• Ubutungane : Mu mwaka w2017 imanza ibihumbi 18 n’ama jana atanu nizo zaciwe n’ama sentare yo mu burundi ,amafaranga arnge umuliayaridi nayo arinjira mu kigega ca reta biciye kuri sentre ijejwe ku gwanya abarya ibiturire n’ikigo kijejwe kwandika amatongo . ivyo bishikirizwa n’umukuru w’igihugu c’uburundi mwijambo rirangiza umwaka w’2017 . Prezida petero Nkurunziza yemeza ko n’amatongo yababa ama hectre ama jana atanu na mirongo nane yagarujwe n’ubwo bushikiranganji .

• Igice ca 2 c’umwaka w’ishule w’2017-2018 catanguye kuruno wa 2. Ku mashule atandukanye twaciyeko twasanze abanyeshule batatonze ku bwinshi. Imwe mu mvo zoba zabitumye akaba aruko ikiringo c’uburuhuko cabaye gito. Ivyatumye abanyeshule bataronka umwanya wo kwitegurira gusubira kw’ishule. Abo banyeshule basaba ko ikiringo c’uburuhuko cosubira kungana uko cahora. Kubw’uwurongoye syndicat y’abigisha Conapes ngo kuba abanyeshule batatonze ku rugero rukiye n’inkurikizi y’ingingo yafashwe yo kugabanya ikiringo uburuhuko bumara. Emmanuel Mashandari akavuga ko ruhande rwa syndicat bagerageje kuvugana n’ubushikiranganji bw’indero kugira barabe ingene iyo ngingo yofatwa ariko itababaje abanyeshule co kimwe n’abarezi.

• Ihinguriro ry’ibinyobwa vya brarudi ryemeza ko mu buknbiko rifise ibinyobwa bikwiye rigatangazwa nukubona hoba haribonekeje ubukene bwivyo binyobwa mur’ino minsi mikuru itrangaza umwaka . Come badufasha ajejwe ivyubuguzi muriryo hinguriro avuga ko iryo shinguriro ritigeze riduza ibiciro agasaba abaguezi kwitura abakozi biryo shirahmwe mugihe babonye abariko badandaza ibiciro vy umuregero

• Muri komine Gisuru intara ya Ruyiga havugwa umuyoboke w’icegera ca mere c’umukuru w inama nshingamateka apfunzwe . Sultan Hamisi yafashwe lkur’uyu wa mbere akaba afungiwe mu gasho kigipolisi muri komine Gisuru .Mu gipolisi bavuga ko yahagiritswe ku mutahe wa parquet nkuru y’itara ya Ruyigi akaba yagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu . Abanywanyi ba Agathon Rwasa muri komine Gisuru bo bamenyesha ko ari agatotezo kagirirwa abatavuga rumwe n’ubutegetsi bemeza ko uyo muntu afunzwe ko atakindi azira atari ivyiyumviro vyiwe vya politike.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.