Jeudi 28 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Amakuru y’Iwacu yo ku wa 19 Ntwarante umwaka w’2018

19/03/2018 Edition : Commentaires fermés sur Amakuru y’Iwacu yo ku wa 19 Ntwarante umwaka w’2018

• Colonel Félix Ntahonkuriye, uwahoze ari umuvugizi w’umukuru w’umuhari FNL ya Aloys Nzabampema, ngo yoba yiciwe mur’iri joro ryakeye mu misozi ihanamiye igisagara ca Uvira, ahitwa Katonyera. Amakuru dukura murako karere avuga ko yoba yarashwe n’abanyagihugu baho bamwivuna kuko ngo yaramaze imisi abaraza rubunda, ari kumwe n’abagwanyi bamuyoboka. Hakaba nayandi makuru avuga ko yoba yazize ukwihorahorana. Ni mu gihe atar’agicana uwaka na Aloys Nzabampema amwagiriza kumena amabanga y’umuhari. Naho biruko abegereye Colonel Félix Ntahonkuriye ntibaremeza iyo nkuru y’urupfu rwiwe.

• Umugambwe uprona umenyesha ko witeguriye kwitaba itora rya Kamarampaka ryo ku wa 17 Rusama. Ku bwa Abel Gashatsi umukuru w’uwo mugambwe mu nteguro nshasha y’ibwirizwa shingiro ingingo zahinyanyuwe zagumye zubahirije amasezerano y’amahoro no gusubiza hamwe yi Arusha. Akanabona ko bisanzwe ko umukuru w’igihugu ashinga urugero rw’amajwi ibwirizwa hingiro ryemezwako. Ni ukuvuga 50 kw’ijana kwongerako ijwi rimwe kuko ku bwiwe bitomoye mw’itegeko ritunganya amatora

• Mu runani Amizero y’Abarundi bamenyesha ko bataramenya ko bazokwiyandikisha kugira bahimirize kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro. Tatien Sibomana umunyaporitike wo muri urwo runani amenyesha ko umukuru w’igihugu atariwe ashinga ibitigiri vyo kwemeza ibwirizwa shingiro. Akabona ko vyategerezwa guca imbere y’ Inama nshingamateka.

• Igipolisi c’Uburundi kiremeza ko umunyagihugu azwi kwizina rya Simon Bizimana yapfuye yishwe n’indwara ya malaria. Pierre Nkurikiye, avugira igipolisi c’Uburundi, akabivuga inyuma y’amakuru yemeza ko Simon Bizimana yarasinzikarijwe ubuzima n’igipolisi mu gihe yari apfunzwe yagirizwa ko yanse kwiyandikisha ngo azotore bigatuma yitaba Imana. Pierre Nkurikiye yemeza ko yagiye kwitaba Imana aza yararekuwe n’ubutungane ivy’infatakibanza kandi akomeye.

• Ama pikipiki arenga 1000 yarafashwe n’igipolisi mu ndwi iheze mu Rumonge beneyo bategerezwa gutanga amahadabu mu kigega gitoza amatagisi n’amakori OBR. Ivyo vyamenyeshejwe muri kano gatondo co kuri uyu wambere n’uwurongoye igipolisi mu Rumonge ari kumwe na Bulamatari w’iyo ntara aho yamenyesheje abo bagendesha ama pikipiki yuko baterezwa kwisunga amategeko. Abo nabo bagasaba kworoherezwa mukuronswa impapuro zo kugendesha amapikipiki

• Ishirahamwe ryishinze kugwanya igiturire n’isegurwa ry’amatungo ya Reta OLUCOME rimenyesha ko amafaranga yababa imiliyaridi 300 y’amarundi ariyo yibwe mu mwaka w’2017. Mu cegeranyo casohowe n’iryo shirahamwe kuri uyu wa mbere , Olucome idoma urutoke ku bategetsi b’igihugu c’Uburundi boba bafise uruhara mw’inyuruzwa ry’ayo mafaranga. Ishirahamwe Olucome risaba ko hoba icigwa cosuzuma ubushobozi bwa Reta bwo kurangura imigambi yayo hakirwa iyo amafaranga ya Reta adashika mu kigega aja.

• Olucome isaba kando ko hokorwa icirwa co gusuzuma amafaranga ava mu butare n’ayava mu gisirikare cagiye kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya, AMISOM.

• Igihugu ca Bresil kigiye gufasha Uburundi kugira uburimyi bw’ipampa butere imbere. Pierre Claver Nahimana arongoye ihinguriro ry’ipampa Cogerco amenyesha ko muri ico gihugu basanzwe bakoresha ubuhinga buteye imbere Uburundi bukaba bugiye kuronswa inyigisho hamwe n’ibindi bihugu vya Africa. Ni mu ntumbero y’ugushira mu ngiro umugambi w’igihugu wo kwikorera impuzu hakoreshejwe ipampa ririmwa mu Burundi nk’uko abandanya abimenyesha

• Ivyo Pierre Claver Nahimana arongoye ihinguriro ry’ipampa Cogerco yabivuze mu gihe hariko haraba inama ihuza ibihugu vy’Uburundi, Tanzaniya Kenya na Brésil yerekeye umugambi wavyo wo guteza imbere uburimyi bw’ipampa mu karere ka Africa y’ubuseruko iriko ibera ngaha i Bujumbura

• Umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 20 batanguye imyimenyerezo mu ntumbero yo kwitegurira inkino zo gukuranamwo z’igikombe ca Africa CAN aho Uburundi buzotana mu mitwe na Ethiopie mu rukino rwambere i addis abeba mu misi iza. Turababwira n’ibijanye na primus ligue aho bariko bakina umusi ugira 23 w’ihiganwa

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.