Vendredi 19 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 19 NDAMUKIZA 2018

19/04/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 19 NDAMUKIZA 2018

Abasore bane bo ku mutumba wa Rurinzi muri zone Ruhororo komine Mabayi intara ya Cibitoke baraye bakomerekejwe n’amasasu barashwe n’abasirikare bakorera hafi y’umupaka uburundi buhana n’urwanda igihe iyo misore yariko irakizura mw’ijoro hafi isaha 5. Pascal Basaburwuzuye arongoye komine ya Mabayi aremeza ayo makuru, akavuga ko urwo rwaruka rukizura kubera ibihe bahoramwo. Abanyagihugu baho i Mabayi bamenyesha ko iyo misore ishira ama bariyeri mw’ijoro ku mabarabara amwamwe.

•Abantu umunani barahagaritswe n’igipolisi kuruyu wa gatatu mu gatondo ku mitumba ya Nyabunyegeri hamwe na Rubirizi muri komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura. Pierre Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano yemeza ko babafatanye ibirwanisho bicira umuriro kandi ko atayindi ntumbero bari bafise atariyo guhungabanya umutekano mu matora yokwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro rishasha mu kwezi kwa gatanu.

•Inama nshingamateka yemeje kur’uyu wa kane integuro y’ibwirizwa rigenga umwuga wo kumenyeshamakuru. Nkuko bivugwa n’umushikiranganji wo kumenyeshamakuru ngo iyo nteguro y’ibwirizwa ije gukosora utunenge turi mw’itegeko rihari nko mu bijanye n’itangwa y’ikarata iranga umumenyeshamakuru. Abashingamateka bakaba bashikirije amakenga bafise ku bisabwa kugira ngo umuntu atangure gukora uyo mwuga. Kimwe mu bisabwa nuko aba yarize amashure ya kaminuza yo kumenyeshamakuru.

•Urwego rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora CNC rwandikiye urwandiko ikinyamakuru Iwacu rukigabisha ku bijanye nuko ico kinyamakuru gisohora amakuru arimwo amatangazo yoguhanisha mu rurimi rw’icongereza. Mururwo rwandiko urwo rwego rwibutsa ikinyamakuru Iwacu ko igihe casaba kwemererwa gukora camenyesheje ko kizokora mu rurimi rw’ikirundi n’urw’igifaransa gusa. Urwego rujejwe gukurikirana uko ibinyamakuru bikora CNC rukavuga ko ikinyamakuru Iwacu carenze ingingo ya 18 igenga uko ibinyamakuru bikora mu Burundi

•Umugambwe w’abadasigana UPRONA uhamagarira abazoba bajejwe gushira mu ngiro ingingo nshasha zizri mu nteguro y’itegeko risubiramwo amategeko mpanavyaha (Code de procédure pénale) ko bokwisunga amategeko ntibabikore mu guhonyanga agateka ka zina muntu. Abel Gashatsi arongoye uyo mugambwe akabona ko ari ibisanzwe ko izo ngingo zishirwamwo mu nteguro y’iryo tegeko kugira rizoze rirakoreshwa mu bihe bidasanzwe. Abel Gashatsi ivyo akaba abishikirije inyuma yaho inama nshingamateka yemeje kuruyu wa 3 integuro y’itegeko risubiramwo itegeko rigenga amategeko mpanavyaha . Mu ngingo nshasha hakaba harimwo n’ibijanye no gusaka umuntu yiketswe ko icaha ijoro canke kuja gusaka no guhagarika uyo muntu ata mutahe.

Umunyepolitique atavuga rumwe na Leta Tatien Sibomana abona ko iyo nteguro y’itegeko risubiramwo itegeko rigenga amategeko mpanavyaha rihonyanga ibwirizwa nshingiro ry’uburundi mu ngingo yaryo ya 44. Tatien Sibomana akabona ko integuro y’iryo tegeko ije gukingira abikika mukiza mu gukora amabi. Ahanura abanyagihugu babishoboye kwitura sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro kuko integuro y’iryo tegeko ihonyanga iryo bwirizwa.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.